عَنْ مُعَاذٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ، قَالَ:
كُنْتُ رِدْفَ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ عَلَى حِمَارٍ يُقَالُ لَهُ عُفَيْرٌ، فَقَالَ: «يَا مُعَاذُ، هَلْ تَدْرِي حَقَّ اللَّهِ عَلَى عِبَادِهِ، وَمَا حَقُّ العِبَادِ عَلَى اللَّهِ؟»، قُلْتُ: اللَّهُ وَرَسُولُهُ أَعْلَمُ، قَالَ: «فَإِنَّ حَقَّ اللَّهِ عَلَى العِبَادِ أَنْ يَعْبُدُوهُ وَلا يُشْرِكُوا بِهِ شَيْئًا، وَحَقَّ العِبَادِ عَلَى اللَّهِ أَنْ لا يُعَذِّبَ مَنْ لا يُشْرِكُ بِهِ شَيْئًا»، فَقُلْتُ: يَا رَسُولَ اللَّهِ أَفَلاَ أُبَشِّرُ بِهِ النَّاسَ؟ قَالَ: «لا تُبَشِّرْهُمْ، فَيَتَّكِلُوا».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 2856]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mu'aadhi (Imana Allah Imwishimire) ni uko yavuze ati:
"Igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari ampetse ku ndogobwe yitwa Ufairu, aca avuga ati: "Ewe Mu'aadhi! Woba uzi agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo?". Naciye mvuga nti: "Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo bazi gusumba, nayo jewe nta nyishu mfise". Aca arishura ati: "Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa". Naciye mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! None ubwo sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza!?". Yaciye ivuga iti: "Eka! Ntuyibamenyeshe ku kwanka ko bokwijajara bakayifatirako maze bagaca badebukirwa mu bikorwa nyegerezamana"".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 2856]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arerekana agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo, n'uko agateka kayo Ifise ku baja bayo ari uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga ari Imwe Rudende batayibangikanya na kimwe mu biremwa; n'uko agateka k'abaja bayo kuri Yo, ari uko Imana Allah Idahana abayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa. Hanyuma Mu'aadhi yaciye abaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ubwo none sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza kugira banezerwe maze bahimbarwe n'ibi vyiza!?"; ariko rero Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaramubujije ko yoyibamenyesha ku kwanka ko bohava bishinga kuyifatirako maze bakadebukirwa mu bikorwa nyegerezamana.