عَنْ زِيَادِ بْنِ لَبِيدٍ رضي الله عنه قَالَ:
ذَكَرَ النَّبِيُّ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ شَيْئًا، فَقَالَ: «ذَاكَ عِنْدَ أَوَانِ ذَهَابِ الْعِلْمِ» قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللَّهِ، وَكَيْفَ يَذْهَبُ الْعِلْمُ، وَنَحْنُ نَقْرَأُ الْقُرْآنَ وَنُقْرِئُهُ أَبْنَاءَنَا وَيُقْرِئُهُ أَبْنَاؤُنَا أَبْنَاءَهُمْ إِلَى يَوْمِ الْقِيَامَةِ؟ قَالَ: «ثَكِلَتْكَ أُمُّكَ زِيَادُ، إِنْ كُنْتُ لَأُرَاكَ مِنْ أَفْقَهِ رَجُلٍ بِالْمَدِينَةِ، أَوَلَيْسَ هَذِهِ الْيَهُودُ وَالنَّصَارَى يَقْرَؤونَ التَّوْرَاةَ وَالْإِنْجِيلَ، لَا يَعْمَلُونَ بِشَيْءٍ مِمَّا فِيهِمَا؟!».
[صحيح لغيره] - [رواه ابن ماجه] - [سنن ابن ماجه: 4048]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Ziyaadi mwene Labiidi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho", nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni gute ubumenyi buzokurwaho, kandi na twe tuguma dusoma Qor'ani twongera tunayigisha abana bacu, hanyuma abana bacu na bo nyene bakayigisha abana babo gushika ku musi w'umuhero w'isi!?". Yaciye yishura iti: "Ziyaadi, nyoko arakakubura! Nahora ndakubona nkaguharura mu bamenyi babushitse b'i Madina! Aho ga ntu, nturabona ko abayahudi n'abanaswara basoma Tawurati n'Injili, hanyuma ntihagire na kimwe mu birimwo bashira mu ngiro!?".
[صحيح لغيره] - [رواه ابن ماجه] - [سنن ابن ماجه - 4048]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe kimwe yari yicaranye n'ingendanyi ziwe, maze avuga ati: Uwu ni wo mwanya ubumenyi buzokurwa bukava mu bantu. Ziyaadi mwene Labiidi (Imana Allah Imwishimire) aca aratangara maze abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze avuga ati: Ni gute ubumenyi buzokurwaho bukagenda akagirire tukabubura, kandi twarasomye Qor'ani tukanayifata ku mutwe!? Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah! Ni ukuri dutegerezwa kuyisoma, ni ukuri dutegerezwa kuyigisha abakenyezi n'abana bacu, hamwe rero n'abuzukuru bacu. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye avuga atangara ati: Ewe Ziyaadi, nyoko arakakubura! Yemwegaye, nahora ndaguharura mu bamenyi bo mu gisagara ca Madina! Mu nyuma rero (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amusigurira ko ugukurwaho kw'ubumenyi, bidasigura kuba Qor'ani izoba itakiriho; ariko ko gukurwaho kw'ubumenyi, ari ukutabugendera ngo umuntu abushire mu ngiro. Ehe ng'iyo Tawurati hamwe n'Injili vyahawe abayahudi n'abanaswara; ariko rero hamwe n'uko babifise nta co bibamariye, eka n'ibirimwo nyene ntibabigendera ngo babishire mu ngiro.