عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رَضِيَ اللهُ عَنْهُ قَالَ:
كَانَ أَهْلُ الْكِتَابِ يَقْرَؤُونَ التَّوْرَاةَ بِالْعِبْرَانِيَّةِ، وَيُفَسِّرُونَهَا بِالْعَرَبِيَّةِ لِأَهْلِ الْإِسْلَامِ، فَقَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: «لَا تُصَدِّقُوا أَهْلَ الْكِتَابِ وَلَا تُكَذِّبُوهُمْ، وَقُولُوا: {آمَنَّا بِاللهِ وَمَا أُنْزِلَ إِلَيْنَا} [البقرة: 136] الْآيَةَ».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 4485]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
abahawe Igitabu bahora basoma Tawurati mu rurimi rw'igiheburayo, bakayisigurira abislamu mu rurimi rw'icarabu, Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Ntimukemeze ibivugwa n'abahawe Igitabu kandi ntimukabibeshuze, muraheza muvuge muti: {Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, hamwe na Qor’ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)} (Al-Baqara: 136).
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 4485]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yihanije abantu yarungitsweko ko batohendwa n'ivyo babwirwa n'abahawe Igitabu babikuye mu Bitabu vyabo, ku buryo abayahudi igihe c'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bahora basoma Tawurati mu rurimi rw'igiheburayo; rukaba ari na rwo rurimi rw'abayahudi, maze bakayisigura mu rurimi rw'icarabu, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ntimukemeze ibivugwa n'abahawe Igitabu kandi ntimukabibeshuze, ivyo bikaba ari kuri birya vyose ukuri kwavyo n'ikinyoma cavyo bitazwi; ivyo biri ukwo, kuko Imana Allah Yadutegetse kwemera ivyo Yatumanuriye muri Qor'ani hamwe n'ivyo Yamanuriye abahawe Igitabu mu Bitabu vyabo, ariko rero hakaba ata nzira dufise yo kumenya ivy'ukuri kibure ivy'ikinyoma mu vyo batwiganira biri mu Bitabu vyabo, kubera ko mu mabwirizwa twahawe ata kirimwo cotandukanya neza na neza ukuri n'ikinyoma mu biri mu Bitabu vyabo; gutyo rero bikaba ari ngombwa ko tutagira ico twokwemeza mu vyo bavuga; kugira ntitwifadikanye na bo mu kwemeza ivyo bahindaguye mu Bitabu vyabo, ntihagire kandi n'ico tubeshuza; kumbure hari n'aho coba ari ic'ukuri gisigaye muri nya Bitabu, gutyo tugasanga duhakanye ivyo twategetswe kwemera. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) rero yadutegetse ko twovuga duti: {Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, Qor’ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); twaremeye n’ivyo Yamanuriye Intumwa zayo: Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu n’Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe; twaremeye na Tawurati yahawe Intumwa Musa, Injili yahawe Intumwa Isa mwene Mariyamu, hamwe rero n’ivyahawe Abavugishwamana bose bivuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ntituvangura namba rero hagati yabo ngo twemere uyu duhakane uriya, tubemera bose. Kandi rero twebwe ku Mana Allah turi abislamu twicisha bugufi mu kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tukayisenga tutayibangikanya} (Al-Baqara: 136).