عن ابن مسعود رضي الله عنه قال: قال النبي صلى الله عليه وسلم:
«الْجَنَّةُ أَقْرَبُ إِلَى أَحَدِكُمْ مِنْ شِرَاكِ نَعْلِهِ، وَالنَّارُ مِثْلُ ذَلِكَ».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 6488]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati:
"Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene"".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 6488]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera, biri hafi cane y'umuntu nka kurya umugozi w'ikirato yambaye uri hafi yiwe. Ivyo bikabonekera mu kuba hari igihe umuntu akora igikorwa c'iyumviramana, maze Imana Allah Ikagishima, Ikakimuhembera Ubwami bw'ijuru; canke agakora icaha gituma yinjira mu muriro udahera.