+ -

عن ابن مسعود رضي الله عنه قال: قال النبي صلى الله عليه وسلم:
«الْجَنَّةُ أَقْرَبُ إِلَى أَحَدِكُمْ مِنْ شِرَاكِ نَعْلِهِ، وَالنَّارُ مِثْلُ ذَلِكَ».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 6488]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati:
"Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene"".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 6488]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera, biri hafi cane y'umuntu nka kurya umugozi w'ikirato yambaye uri hafi yiwe. Ivyo bikabonekera mu kuba hari igihe umuntu akora igikorwa c'iyumviramana, maze Imana Allah Ikagishima, Ikakimuhembera Ubwami bw'ijuru; canke agakora icaha gituma yinjira mu muriro udahera.

Benefits from the Hadith

  1. Gukundisha abantu ibikorwa vyiza n'aho vyoba bike; hamwe rero n'ukugabisha abantu gukora ibikorwa bibi n'aho vyoba ari bike.
  2. Ni ngombwa rero ko umwislamu mu buzima bwiwe arangwa n'ukwizigira guhemberwa ivyiza akora hamwe n'ugutinya guhanirwa ivyaha akora, hamwe rero n'ugusaba Imana Allah igihe cose ko Yomutsimbataza ku kuri kugira arokoke ntahave anahendwa n'ivyo akora.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations