+ -

عن أبي هريرة رضي الله عنه قال: سمعت النبي صلى الله عليه وسلم يقول:
«مَنْ حَجَّ لِلهِ فَلَمْ يَرْفُثْ وَلَمْ يَفْسُقْ رَجَعَ كَيَوْمِ وَلَدَتْهُ أُمُّهُ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 1521]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 1521]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratomora neza ko uwo wese agiye gushengerera ku bw'Imana Allah, ingoro ntagatifu iri i Makka, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni; ubwo na bwo bukaba ari ukurangura amabanga y'abubatse hamwe n'ivyipfuzo bijanye na kwo (n'ukurangura amabanga y'abubatse); nko gusomana canke guhoberana n'umugore. Ubushizi bw'isoni buvugwa ng'aha kandi, ni ukuvuga amajambo y'ibishegu n'ay'ubushirasoni; hanyuma ntarangwe n'ingeso mbi mu gukora ivyaha n'ibicumuro. Ibindi biharurwa mu ngeso mbi kandi, ni ugukora ibizira bikaziririzwa ku wuzirikanye ishengerera ry'ingoro ntagatifu yambaye urubega. Uwubahirije ivyo rero, agaruka avuye mw'ishengerera ry'ingoro ntagatifu, yarababariwe ivyaha vyiwe, agatahuka ata caha asigaranye nka kurya umwana avuka yejejwe ata vyaha afise.

Benefits from the Hadith

  1. Ukurangwa n'ingeso mbi rero n'aho bisanzwe bibujijwe mu bihe vyose, ibuzwa ryavyo rirashimangirwa cane mu gihe c'ishengerera ry'ingoro ntagatifu, mu ntumbero yo kwubaha no kwubahiriza imigirwa ijanye n'iryo shengerera.
  2. Umuntu rero avuka yejejwe ivyaha n'ibicumuro, nta kuntu yobazwa ku caha c'uwundi ngo agihanirwe.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...