عن عائشة رضي الله عنها قالت: سمعتُ من رسول الله صلى الله عليه وسلم يقول في بيتي هذا:
«اللَّهُمَّ مَنْ وَلِيَ مِنْ أَمْرِ أُمَّتِي شَيْئًا فَشَقَّ عَلَيْهِمْ فَاشْقُقْ عَلَيْهِ، وَمَنْ وَلِيَ مِنْ أَمْرِ أُمَّتِي شَيْئًا فَرَفَقَ بِهِمْ فَارْفُقْ بِهِ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 1828]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iri muri iyi nzu yanje, ivuga iti:
"Mana yanje Nzima! Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akabaremereza (akabananiza) mu kubatunganiriza, Uraca Umuremereza (Umunaniza) mu mabanga yiwe. Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akaborohereza mu kubatunganiriza, Uraheza Umworohereze mu mabanga yiwe"".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 1828]
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarasabiye nabi uwo wese ashingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abislamu, haba ari ku kintu gito canke kinini, yaba ari mu mabanga yo ku rwego rwo hejuru yo kuragizwa vyose, canke mu mabanga yo ku rwego rwo hasi yo kuragizwa bimwe muri ayo mabanga, hanyuma akaremereza abo ajejwe gutunganiriza (akabananiza), ntanarazwe ishinga no kuborohereza, ko Imana Allah Yoca Imuha impera isa n'igikorwa ciwe, maze Ikamuremereza mu kumunaniza mabanga yiwe nka kurya yabaremereje. mu kubananiza.
N'uko uworohereza abo ajejwe mu kubatunganiriza, Imana Allah Yoheza Ikamworohereza mu mabanga yiwe nka kurya yaborohereje.