عَنْ أَبِي نَجِيحٍ العِرْبَاضِ بْنِ سَارِيَةَ رضي الله عنه قَالَ: وَعَظَنَا رَسُولُ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ مَوْعِظَةً وَجِلَتْ مِنْهَا القُلُوبُ، وَذَرَفَتْ مِنْهَا العُيُونُ، فَقُلْنَا: يَا رَسُولَ اللهِ! كَأَنَّهَا مَوْعِظَةُ مُوَدِّعٍ؛ فَأَوْصِنَا، قَالَ:
«أُوصِيكُمْ بِتَقْوَى اللَّهِ، وَالسَّمْعِ وَالطَّاعَةِ، وَإِنْ تَأَمَّرَ عَلَيْكُمْ عَبْدٌ، فَإِنَّهُ مَنْ يَعِشْ مِنْكُمْ بَعْدِي فَسَيَرَى اخْتِلَافًا كَثِيرًا، فَعَلَيْكُمْ بِسُنَّتِي وَسُنَّةِ الخُلَفَاءِ الرَّاشِدِينَ المَهْدِيينَ، عَضُّوا عَلَيْهَا بِالنَّوَاجِذِ، وَإِيَّاكُمْ وَمُحْدَثَاتِ الأُمُورِ؛ فَإِنَّ كُلَّ بِدْعَةٍ ضَلَالَةٌ».
المزيد
Mu vyakiriwe na Se wa Najiihi, Al'Irbaadwi mwene Saariya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Umusi umwe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaraduhaye inyigisho (impanuro) nkoramutima zadushitse ku nyota, maze imitima iroroha iratinya, amaso na yo arakorora amosozi, duca tuvuga duti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Waduhaye inyigisho (impanuro) nkoramutima nk'iz'umuntu ariko araraga, enda rero duhe isezerano tuzoheza tukisunga utakiriho". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti:
"Ndabasigiye iragi ry'uko mwotsimbatara kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja, burya uwuzobaho akaramba muri mwebwe mu nyuma zanje, azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo vyanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri, izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mu kuzigendera mutarekura, muraheza kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukona; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".