Hadith List

Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera
عربي English Urdu
Bantu! Enda nimuntege amatwi mwumve, mbega burya ntibizoshika ko umuntu ashikirwa n'inyigisho yakiriwe ivuye kuri jewe, yiyicariye ku nyegamo yiwe agashoka avuga ati: "Ico dukwiye kwisunga twebwe na mwebwe, ni Igitabu c'Imana Allah
عربي English Urdu
Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
عربي English Urdu