Urutonde rw'inyigisho z'intumwa

Ndabasigiye iragi ry'uko mwotsimbatara kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja, burya uwuzobaho akaramba muri mwebwe mu nyuma zanje, azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo vyanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo
عربي الإنجليزية الأوردية
Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
عربي الإنجليزية الأوردية