Hadith List

Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda
عربي English Urdu
Agateka k'umwislamu afise ku wundi mwislamu, kagizwe n'ibintu bitanu: kwitabira indamutso y'amahoro, gusuhuza umurwayi, guherekeza ikiziga, kwitaba ubutumire, hamwe rero n'ugusabira uwasamuye
عربي English Urdu
Mbega mwoba muzi ico ari co ukwandagaza umuntu "ghiiba?""; ingendanyi zari ng'aho ziraheza zishura ziti: "Ihibambewe! Imana Allah n'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba inyishu y'ico kibazo"; ica yishura iti: "Ni wewe kuyaga kuri mwenewanyu ivyo adakunda ko womuvugako
عربي English Urdu
Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe
عربي English Urdu
Uwusomeye Qor'ani ku mugaragaro, ni nk'uwutangiye imperezwa ku mugaragaro. Uwusomeye Qor'ani mu mpisho na we, ni nk'uwutangiye imperezwa mw'ibanga
عربي English Urdu
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe agiye ku busaswa buri joro yama aca yegeranya ibiganza, hanyuma akabihuhamwo nk'uwuvuma, agaca abisomerako {QUL HUWA LLAAHU AHAD} na {QUL A'UUDHU BIRABBI L-FALAQ} hamwe rero na {QUL A'UUDHU BIRABBI NNAAS}
عربي English Urdu
Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora
عربي English Urdu