عَنْ ابْنِ عَبَّاسٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُمَا عَنْ رَسُولِ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ فِيمَا يَرْوِي عَنْ رَبِّهِ تَبَارَكَ وَتَعَالَى، قَالَ:
«إنَّ اللهَ كَتَبَ الحَسَنَاتِ وَالسَّيِّئَاتِ، ثُمَّ بَيَّنَ ذَلِكَ، فَمَنْ هَمَّ بِحَسَنَةٍ فَلَمْ يَعْمَلْهَا؛ كَتَبَهَا اللهُ عِنْدَهُ حَسَنَةً كَامِلَةً، وَإِنْ هَمَّ بِهَا فَعَمِلَهَا؛ كَتَبَهَا اللهُ عِنْدَهُ عَشْرَ حَسَنَاتٍ إلَى سَبْعِمِائَةِ ضِعْفٍ إلَى أَضْعَافٍ كَثِيرَةٍ، وَإِنْ هَمَّ بِسَيِّئَةٍ فَلَمْ يَعْمَلْهَا؛ كَتَبَهَا اللهُ عِنْدَهُ حَسَنَةً كَامِلَةً، وَإِنْ هَمَّ بِهَا فَعَمِلَهَا؛ كَتَبَهَا اللهُ سَيِّئَةً وَاحِدَةً».
المزيد
Mu vyakiriwe na Mwene Abbaasi (Imana Allh Ibishimire bompi) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana yiwe Rurema Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, yavuze iti:
"Mu vy'ukuri Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora, ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikira kuba ari iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikira kuba ari ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikira kuba ari iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikako kuba ari ikibi kimwe gusa".