Category:

عَنْ أَبِي هُرَيْرَة رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: قَالَ رَسُول اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«إنَّ اللَّهَ تَعَالَى قَالَ: مَنْ عَادَى لِي وَلِيًّا فَقْد آذَنْتُهُ بِالحَرْبِ، وَمَا تَقَرَّبَ إلَيَّ عَبْدِي بِشَيْءٍ أَحَبَّ إلَيَّ مِمَّا افْتَرَضْتُ عَلَيْهِ، وما يَزَالُ عَبْدِي يَتَقَرَّبُ إلَيَّ بِالنَّوَافِلِ حَتَّى أُحِبَّهُ، فَإِذَا أَحْبَبْتُهُ كُنْتُ سَمْعَهُ الَّذِي يَسْمَعُ بِهِ، وَبَصَرَهُ الَّذِي يُبْصِرُ بِهِ، وَيَدَهُ الَّتِي يَبْطِشُ بِهَا، وَرِجْلَهُ الَّتِي يَمْشِي بِهَا، وَإِنْ سَأَلَنِي لَأُعْطِيَنَّهُ، وَلَئِنْ اسْتَعَاذَنِي لَأُعِيذَنَّهُ».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [الأربعون النووية: 38]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije, kandi umuja wanje ntahengeshanya kuguma anyiyegereza mu gukora ibikorwa-nyongera, gushika n'aho Ndamukunda, iyo Maze kumukunda rero, Nca Ndamubera ugutwi kwiwe akoresha mu kwumva, n'amaso yiwe akoresha mu kubona, n'ukuboko kwiwe akoresha mu gufata, n'ukuguru kwiwe akoresha mu kugenda; n'iyo hagize ico ansaba, ni ukuri Ndakimuha; n'iyo anyiyambaje ngo Ndamukingire, ni ukuri Ndamukingira; kandi rero sinigera ngonanwa ku kintu nshatse gukora, n'uko ngonanwa ku mutima w'umwemeramana iyo nshatse ko ahwera, kandi na we rero yanka gupfa, nanje nkanka kumushavuza"".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [الأربعون النووية - 38]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye muri iyi nyigisho ntagatifu, ko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro Yavuze Iti: Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni mu batoni banje maze akamushavuza, akamwanka, ni ukuri naramaze kumenyesha icese ko namusezeraniye indwano n'urwanko. Ijambo "waliyyu" risigura umwemeramana w'umugamburukiramana, burya umuja agenerwa umugabane w'ubutoni ku Mana Allah hisunzwe urugero rw'ukwemera n'urw'igamburukiramana agezeko. Burya nta mwislamu yiyegereza ku Mana Allah mu gukora ibikundwa n'Imana Allah kurusha, vyoza bisumba gukora ivyo Yamubwirije no kureka gukora ivyo Yamubujije, kandi umwislamu ntahengeshanya kuguma yiyegereza ku Mana Allah mu gukora ibikorwa-nyongera hamwe n'ibikorwa Yamutegetse; gushika n'aho ashika ku gukundwa n'Imana Allah. Iyo rero Imana Allah Imaze kumukunda, Ica Imutumberereza ku neza ibi bihimba bine: Imutumberereza ugutwi kwiwe ku buryo atagukoresha mu kwumva kiretse ibishimisha Imana Allah. Imutumberereza amaso yiwe ku buryo atayakoresha mu kubona kiretse birya Imana Allah Ikunda bikanayishimisha ko abiraba. Imutumberereza ukuboko kwiwe ku buryo atagukoresha kiretse mu bishimisha Imana Allah. Imutumberereza ukuguru kwiwe ku buryo atagukoresha kiretse mu kugenda mu bishimisha Imana Allah, eka ntanagukoresha kiretse mu birimwo ineza kuri we. Hamwe n'ivyo vyose rero, iyo hagize ico asaba Imana Allah, ni ukuri Irakimuha, maze akaba umuntu yakirirwa igisabisho; ni ukuri n'iyo yambaje Imana Allah asaba ko Imukingira, ni ukuri Imana Allah Nyenukuninahazwa Iraheza Ikamukingira Ikanamutekanisha ku bimuteye ubwoba.

Benefits from the Hadith

  1. Iyi nyigisho y'intumwa, iri mu vyakiriwe n'Umvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku Mana yiwe Rurema. Inyigisho nk'iyi rero ikitwa inyigisho ntagatifu "Hadiithu qud-siyyu" canke "Hadiithu ilaahiyyu", na yo ikaba ari irya nyigisho amajambo n'insiguro yayo akomoka ku Mana Allah; kiretse ko inyigisho ntagatifu itagenewe nka birya vyagenewe Qor'ani, mu kuba isomwa ryayo riri mu bikorwa nyegerezamana, mu gusaba itunganywa ry'isuku imbere yo kuyisoma, uguhiga n'ibiremwa ko bidashoboye kuzana ibisa na yo mu nyubako n'insiguro yayo, hamwe rero n'ukuba ari igitangaro ku biremwa, n'ibindi bitari ivyo.
  2. Ibuzwa ry'ibangamira ry'abatoni b'Imana Allah, hamwe n'uguhimiriza kubakunda.
  3. Ibwirizwa ryo kurwanya abansi b'Imana Allah no kuziririza kubagira abagenzi somambike.
  4. Umuntu wese yiyitirira ubutoni ku Mana Allah kandi atagendera amabwirizwa yayo, aba ari umubeshi mu vyo yiyitirira.
  5. Ubutoni ku Mana Allah bubonekera mu gukora ibitegetswe no kureka ibibujijwe.
  6. Biri mu mvo zituma umuntu akundwa n'Imana Allah akanakirirwa igisabisho, ugukora ibikorwa vy'inyongera inyuma y'ugukora ibitegetswe no kureka ibibujijwe.
  7. Vyerekana icubahiro nta ngere n'ikibanza co hejuru abatoni b'Imana Allah bafise.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (54)
Categories
More ...