عن أبي صِرْمة رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«مَنْ ضَارَّ ضَارَّ اللهُ بِهِ، وَمَنْ شَاقَّ شَقَّ اللهُ عَلَيْهِ».

[حسن] - [رواه أبو داود والترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي: 1940]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Swirma (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza".

[حسن] - [رواه أبو داود والترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي - 1940]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarihanije umwislamu kubangamira umuntu, canke kumuremereza ku kintu ico ari co cose; haba ku bimwega ku gatwe kiwe, canke mu matungo yiwe canke mu biwe; aburira umuntu akora ivyo rero, ko Imana Allah Iheza Ikamuha ibihano bijanye n'ubwoko bw'ivyo yakoze.

Benefits from the Hadith

  1. Iziririzwa ryo kugeramira umwislamu no kumuremereza.
  2. Imana Allah Irihorera abaja bayo ku bibi bakorerwa.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (67)