Hadith List

1. Uwushengereye ingoro ntagatifu ku bw'Imana Allah, maze ntarangwe n'ubushizi bw'isoni, ntarangwe kandi n'ingeso mbi, agaruka yejejwe ivyaha nk'umusi avyarwa na nyina ata caha afise
عربي English Urdu
2. Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda
عربي English Urdu
3. Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
4. Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana
عربي English Urdu
5. Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
6. Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo
عربي English Urdu
7. Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira
عربي English Urdu
8. Uwo wese arahiye ku kitari Imana Allah, ni ukuri aba agararije canke abangikanije
عربي English Urdu
9. Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
10. Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
11. Uwuzogirirwa ibakwe kurusha abandi ry'uko nzomusabira ku musi w'izuka, ni uwavuze ijambo "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" ryejejwe ku bw'Imana Allah, arikuye ku mushaha canke ku mutima wiwe
عربي English Urdu
12. Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera
عربي English Urdu
13. Haragahona abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro
عربي English Urdu
14. Uwonyemerera mu kwishinga ko acungera akanwa kiwe (mu kutagakoresha mu bizira), agacungera n'ibihimba vyiwe vy'irondoka (mu kudasambana), nokwemera kumwishingira ko azoja mu Bwami bw'ijuru
عربي English Urdu
15. Iyo umuntu arwaye canke ari ku rugendo, yandikirwa indishi nk'ivyo yahora akora ari mu rwiwe, akomeye - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
16. Ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba izindi, ni ijambo LAA ILAAHA ILLA LLAAH. Nayo igisabisho ciza cane gusumba ibindi, ni ijambo AL-HAMDU LILLAAH
عربي English Urdu
17. Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene
عربي English Urdu
18. Ugusugutura gusukura mu kanwa, kugashimisha Imana Rurema Allah - 14 ملاحظة
عربي English Urdu
19. Amasengesho atanu asengwa ku musi ku musi, isengesho ry'ijuma gushika ku rindi ryo mu ndwi ikurikira, ipfunga rya Ramadhani gushika ku rindi ryo mu mwaka ukurikira; ivyo vyose biba icuhagizo c'ibicumuro bikorwa hagati ya kimwe n'ikindi, iyo umuntu yirinze kugwa mu vyaha rutura - 12 ملاحظة
عربي English Urdu
20. Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera - 8 ملاحظة
عربي English Urdu
21. Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
22. Agateka k'umwislamu afise ku wundi mwislamu, kagizwe n'ibintu bitanu: kwitabira indamutso y'amahoro, gusuhuza umurwayi, guherekeza ikiziga, kwitaba ubutumire, hamwe rero n'ugusabira uwasamuye
عربي English Urdu
23. Imana Allah Iragirira impuhwe, umuntu w'umugwaneza iyo hagize ico agurisha, n'iyo hagize ico agura, n'iyo hagize ico yishuza
عربي English Urdu
24. Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu
عربي English Urdu
25. Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi) - 6 ملاحظة
عربي English Urdu
26. Uwo wese yungururije uwananiwe kwishura ingurane akamuha irindi sango, canke akamuhebera umugabane w'ingurane yamwishuza, ku musi w'izuka ry'ibiremwa, Imana Allah Izomushira mu gatutu Yamugeneye musi y'Ubuhangamo bwayo, kuri uwo musi ata gatutu kazoba kahari kiretse agatutu kagenwe na Yo
عربي English Urdu
27. Uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemera n'uko ari ibwirizwa ryayo ashize mu ngiro; arondera indishi kuri Yo, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze
عربي English Urdu
28. Uwo wese asenze mu gicugu c'ijoro ry'iteka "laylatu l-qadri"; yemera Imana Allah; yemera n'uko ari igikorwa-nyongera ashize mu ngiro arondera indishi ku Mana Allah, araheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze
عربي English Urdu
29. Uwo Imana Allah Ishakiye ivyiza Iraheza Ikamugerageza mu vyiwe no mu biwe
عربي English Urdu
30. Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro
عربي English Urdu
31. Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)
عربي English Urdu
32. Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
33. Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
34. Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa
عربي English Urdu
35. Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze - 8 ملاحظة
عربي English Urdu
36. Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye - 6 ملاحظة
عربي English Urdu
37. Ubwislamu, ni uko wemera ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, ukemera kandi ku mutima ukatura n'ururimi, wemanga ko Muhamadi ari Intumwa yayo; ugatsimbataza isengesho; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu iri i Makka mu gihe ushoboye gushikayo
عربي English Urdu
38. Ntugashavure - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
39. Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi. Uwo wese rero azogira uwo ageramiye, na we Imana Allah Izomugeramira; uwuzoremereza abandi na we Imana Allah Izomuremereza - 6 ملاحظة
عربي English Urdu
40. Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye
عربي English Urdu
41. Uwo wese azokwadukana gishasha muri iri dini ryacu, kitari mu vyo twigishije, kizomugarukako(azogisubizwa, ntikizokwakirwa namba) - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
42. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
43. Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro, enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze; niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah - 10 ملاحظة
عربي English Urdu
44. Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
45. Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
46. Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka - 10 ملاحظة
عربي English Urdu
47. Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa
عربي English Urdu
48. Mu vy'ukuri, gutongera (kuvura hakoreshejwe amajambo adatomoye), ukwambara ibiheko no gukoresha uburozi mu gukundanisha abubakanye "tiwala"(1), ivyo vyose ni ibangikanyamana - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
49. Mbega mwoba muzi ico ari co ukwandagaza umuntu "ghiiba?""; ingendanyi zari ng'aho ziraheza zishura ziti: "Ihibambewe! Imana Allah n'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba inyishu y'ico kibazo"; ica yishura iti: "Ni wewe kuyaga kuri mwenewanyu ivyo adakunda ko womuvugako - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
50. Mana yanje Nzima! Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akabaremereza (akabananiza) mu kubatunganiriza, Uraca Umuremereza (Umunaniza) mu mabanga yiwe. Uwo wese azoshingwa amabanga ku kintu ico ari co cose mu bijanye no gutunganiriza abantu narungitsweko, hanyuma akaborohereza mu kubatunganiriza, Uraheza Umworohereze mu mabanga yiwe - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
51. Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
52. Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru
عربي English Urdu
53. Iciza cose umuntu akoze, agihemberwa indishi y'imperezwa
عربي English Urdu
54. Ntugakengere ikintu na kimwe mu vyiza, n'aho kwoba ari uguhura na mwenewanyu ukeye (ushwashwanutse) mu maso - 24 ملاحظة
عربي English Urdu
55. Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
56. Uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu nyifato no mu nyambaro, araheza agacika umwe muri bo - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
57. Uwo wese arangiye abantu iciza bakora, araheza agahabwa impera nk'irya nyene uwakoze nya ciza aronka
عربي English Urdu
58. Ntimugatuke abapfuye; kuko mu vy'ukuri, bo baramaze kuja kwibonera ivyo bakoze
عربي English Urdu
59. Ntibirekuwe ko umuntu ahunga mwenewabo ikiringo kirenga imisi itatu, maze uyu yahura n'uyu akamwirengagiza, n'uriya yahura n'uyu akamwirengagiza, burya intore muri bo, ni urya yitanganiza mu kuramutsa amahoro mugenziwe - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
60. Uwuca ubuvandimwe, ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru
عربي English Urdu
61. Gateranya ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru
عربي English Urdu
62. Uwipfuza kwugururirwa mu bimubeshaho (uwukunda ko ahabwa umusesekara mu bimubeshaho), agahabwa n'ubuzima burebure, araheza yunge ubuvandimwe bw'abo basangiye amaraso - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
63. Uwubangamira abandi, Imana Allah Iraheza Ikamubangamira; uwuremereje abandi, Imana Allah Iraheza Ikumuremereza
عربي English Urdu
64. Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
65. Uwusenze isengesho ryo mu mutwenzi, aba akingiwe mu budahangarwa bw'Imana Allah
عربي English Urdu
66. Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
67. Uwutagirira impuhwe abantu, Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro ntiheza ngo Imugirire impuhwe namba
عربي English Urdu
68. Mu vy'ukuri mu bagabo Imana Allah Yanka cane, ni inshirwarimenetse y'intahanurwa mu matati - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
69. Amajambo akundwa cane n'Imana Allah gusumba ayandi, ni ane: ukuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAH", na "AL-HAMDU LILLAAH", na "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", hamwe rero na "ALLAHU AKBAR", uguhera kw'ijambo iryo ari ryo ryose rero muri yo, nta co bigutwara
عربي English Urdu
70. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza
عربي English Urdu
71. Burya ukwisonera, kuri mu bigize ukwemera kw'umuntu
عربي English Urdu
72. Ugusaba igisabisho, ni co gikorwa nya gikorwa c'iyegerezamana
عربي English Urdu
73. Hariho amajambo abiri yoroshe kuvuga ku rurimi, aremereye mu ndishi ku munzane, akundwa na Nyenimpuhwe - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
74. Nta kintu na kimwe cubahitse ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere coza gisumba ugusaba igisabisho
عربي English Urdu
75. Nta ho vyakabaye ko imperezwa igabanya na kimwe mu butunzi bw'umuntu ; nta n'aho vyakabonetse ko Imana Allah Yongerereza umuja ababariye abandi, kiretse icubahiro n'iteka mu bandi; nta n'umuntu yicisha bugufi ku bw'Imana Allah, kiretse ko Imudugiriza icubahiro mu bandi - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
76. Uwo wese azoharanira agateka n'icubahiro vya mwenewabo, mu kumwishurira ibimuvugwako atari ho ari, Imana Allah Izomukingira umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa
عربي English Urdu
77. Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose - 10 ملاحظة
عربي English Urdu