1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. The Creed

Inyigisho y'intumwa igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho

عَنْ زِيَادِ بْنِ لَبِيدٍ رضي الله عنه قَالَ:
ذَكَرَ النَّبِيُّ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ شَيْئًا، فَقَالَ: «ذَاكَ عِنْدَ أَوَانِ ذَهَابِ الْعِلْمِ» قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللَّهِ، وَكَيْفَ يَذْهَبُ الْعِلْمُ، وَنَحْنُ نَقْرَأُ الْقُرْآنَ وَنُقْرِئُهُ أَبْنَاءَنَا وَيُقْرِئُهُ أَبْنَاؤُنَا أَبْنَاءَهُمْ إِلَى يَوْمِ الْقِيَامَةِ؟ قَالَ: «ثَكِلَتْكَ أُمُّكَ زِيَادُ، إِنْ كُنْتُ لَأُرَاكَ مِنْ أَفْقَهِ رَجُلٍ بِالْمَدِينَةِ، أَوَلَيْسَ هَذِهِ الْيَهُودُ وَالنَّصَارَى يَقْرَؤونَ التَّوْرَاةَ وَالْإِنْجِيلَ، لَا يَعْمَلُونَ بِشَيْءٍ مِمَّا فِيهِمَا؟!».

Mu vyakiriwe na Ziyaadi mwene Labiidi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho", nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni gute ubumenyi buzokurwaho, kandi na twe tuguma dusoma Qor'ani twongera tunayigisha abana bacu, hanyuma abana bacu na bo nyene bakayigisha abana babo gushika ku musi w'umuhero w'isi!?". Yaciye yishura iti: "Ziyaadi, nyoko arakakubura! Nahora ndakubona nkaguharura mu bamenyi babushitse b'i Madina! Aho ga ntu, nturabona ko abayahudi n'abanaswara basoma Tawurati n'Injili, hanyuma ntihagire na kimwe mu birimwo bashira mu ngiro!?".

صحيح لغيره رواه ابن ماجه سنن ابن ماجه - 4048

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe kimwe yari yicaranye n'ingendanyi ziwe, maze avuga ati: Uwu ni wo mwanya ubumenyi buzokurwa bukava mu bantu. Ziyaadi mwene Labiidi (Imana Allah Imwishimire) aca aratangara maze abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze avuga ati: Ni gute ubumenyi buzokurwaho bukagenda akagirire tukabubura, kandi twarasomye Qor'ani tukanayifata ku mutwe!? Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah! Ni ukuri dutegerezwa kuyisoma, ni ukuri dutegerezwa kuyigisha abakenyezi n'abana bacu, hamwe rero n'abuzukuru bacu. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye avuga atangara ati: Ewe Ziyaadi, nyoko arakakubura! Yemwegaye, nahora ndaguharura mu bamenyi bo mu gisagara ca Madina! Mu nyuma rero (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amusigurira ko ugukurwaho kw'ubumenyi, bidasigura kuba Qor'ani izoba itakiriho; ariko ko gukurwaho kw'ubumenyi, ari ukutabugendera ngo umuntu abushire mu ngiro. Ehe ng'iyo Tawurati hamwe n'Injili vyahawe abayahudi n'abanaswara; ariko rero hamwe n'uko babifise nta co bibamariye, eka n'ibirimwo nyene ntibabigendera ngo babishire mu ngiro.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Kuba hariho Imisahafu (ya Qorani) hamwe n'ibitabu, abantu bafise mu minwe, nta co bimaze mu gihe badashize mu ngiro ibiri muri vyo.
  2. Gukurwaho kw'ubumenyi bishika mu buryo bwinshi, muri bwo: Ni ugupfa kw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ugupfa kw'abamenyi, ukureka kugendera ubumenyi mu kubushira mu ngiro.
  3. Biri mu bimenyetso vy'uko umuhero w'isi ugiye kugera, gukurwaho kw'ubumenyi no kureka kubushira mu ngiro.
  4. Guhimiriza ishirwa mu ngiro ry'ubumenyi kuko ari ryo hangiro ryo kugira ubumenyi.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

68 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو