1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. Virtues and Manners

Inyigisho y'intumwa Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa

عن خَولة الأنصاريةِ رضي الله عنها قالت: سمعت النبي صلى الله عليه وسلم يقول:
«إِنَّ رِجَالًا يَتَخَوَّضُونَ فِي مَالِ اللهِ بِغَيْرِ حَقٍّ، فَلَهُمُ النَّارُ يَوْمَ الْقِيَامَةِ».

Mu vyakiriwe na Khawla Al-Answaariyya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Mu vy'ukuri, abantu bakoresha nabi amatungo y'Imana Allah, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, baragenewe umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa"".

صحيح رواه البخاري صحيح البخاري - 3118

Ugusobanura

Uvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ku vyerekeye abantu bakoresha nabi amatungo y'abislamu, maze bakayakoresha mu vyo atagenewe, bakanayihereza mu buryo batarekuriwe, ko bategekanirijwe umuriro. Iyi ni mu nsiguro rusangi ihurikiyemwo ikoreshwa nabi ry'amatungo, haba mu gihe co kuyegeranya no kuyatororokanya mu bizira, canke mu kuyakoresha mu bitarekuwe no ku batabirekuriwe, harimwo no kurya amatungo y'impfuvyi, amatungo yagenewe igikorwa nyezina "waq-fu", umuntu kwihakana imbitso yabikijwe "amaana" maze akayihagira, hamwe rero no kwihereza ivyo umuntu atarekuriwe mu matungo rusangi.
Mu nyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratwiganiye ko impera y'abo bantu, ari ukwinjizwa mu muriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Amatungo ari mu minwe y'abantu, mu vy'ukuri ni amatungo y'Imana Allah Ibabikije, Iheza Ikayabakurakuranyako kugira bayakoreshe mu nzira no mu buryo bwemewe bushingiye ku mabwirizwa, baheze birinde no kuyakoresha mu nzira no mu buryo butarekuwe. Iyi ngingo rero, yega abantu bose uhereye ku ndongozi (zo hejuru) hari ivyo zaragijwe gushika ku bantu bose, umwe wese ku co yaragijwe n'Imana Allah.
  2. Ikoreshwa ry'ibwirizwa ry'umukazo ku vyerekeye amatungo rusangi, n'uko uwo wese hari ico yaragijwe gutunganiriza abantu, bitebe bitebuke ategerezwa kuzokibazwa ku musi w'izuka ry'ibiremwa, maze aharurirwe ukuntu yacegeranije n'ukuntu yagikoresheje.
  3. Ugusezeranirwa igihano ku bantu bakoresha nabi amatungo, harimwo n'ikoreshwa ry'amatungo mu bitarekuwe n'amabwirizwa y'ubwislamu, haba mu matungo y'umuntu bwite canke mu matungo y'uwundi.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

68 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
AK Akan الأكانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
YAO Yao الياو
KMR Kurmancî الكرمنجية