1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. The Creed

Inyigisho y'intumwa Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'

عَنِ ابْنِ عُمَرَ رضي الله عنهما عَنِ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، قَالَ:
«مَثَلُ الْمُنَافِقِ، كَمَثَلِ الشَّاةِ الْعَائِرَةِ بَيْنَ الْغَنَمَيْنِ تَعِيرُ إِلَى هَذِهِ مَرَّةً وَإِلَى هَذِهِ مَرَّةً».

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati:
"Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'".

صحيح رواه مسلم صحيح مسلم - 2784

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ukungene indyarya ibayeho, ko ari nk'intungwa ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ntiheze ngo imenye ubusho ikwiye gukurikira ngo ijane na bwo, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye ubundi busho ikajana na bwo, ni ko rero indyarya zijuragirika hagati y'iyemeramana n'igararizamana, aho usanga zitari kumwe n'abemeramana mu buryo bugaragara no mu vyo zihishije ku mutima, eka mbere ntusanga ziri kumwe n'abagararizamana mu buryo bugaragara no mu vyo zihishije ku mutima; ahubwo ku vyo zigaragaza wogira ngo ziri kumwe n'abemeramana, kandi mu mishaha huzuyemwo amakenga no kudatsimbatara ku kwemera, gutyo hakaba igihe ubona ziri ku ruhande rw'aba, ikindi gihe ukabona ziri ku ruhande rwa bariya.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Biri mu burongozi bw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) gutanga uburorero kugira yegereze insiguro (abo yigisha).
  2. Kwerekana ukungene indyarya zibayeho mu kujuragirika, mu kugira amakenga no kutagira ifatiro (kudatsimbatara ku kwemera).
  3. Kwihaniza abantu ngo ntibigenze nka kurya indyarya zibayeho, n'ukubahimiriza kwama ari imvugakuri no kwerekana aho bahagaze mu kwemera kwabo mu vyo bagaragaza no mu vyo bahisha mu mushaha.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

68 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو
Igaburwa mu migwi