1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. The Creed

Inyigisho y'intumwa Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu

عَنْ عَبْدِ اللهِ بْنِ عَمْرِو بْنِ الْعَاصِ رضي الله عنهما قَالَ: سَمِعْتُ رَسُولَ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«كَتَبَ اللهُ مَقَادِيرَ الْخَلَائِقِ قَبْلَ أَنْ يَخْلُقَ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضَ بِخَمْسِينَ أَلْفَ سَنَةٍ، قَالَ: وَعَرْشُهُ عَلَى الْمَاءِ».

Mu vyakiriwe na Abdillaahi mwene Amri mwene Al'Aasw (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, maze ica ivuga iti: "Ico gihe Ubuhangamo bwayo "Arshi" bwari hejuru y'amazi""".

صحيح رواه مسلم صحيح مسلم - 2653

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko Imana Allah Yanditse ido n'ido y'ibizoba mu vyagezwe ku biremwa vyose, ubuzima n'ugupfa kwavyo hamwe n'ibizobibeshaho mu buzima, n'ibindi bitari ivyo, ivyo vyose rero bikaba vyaramaze kwandikwa ku kibaho kibungabunzwe "Lawhu l-mahfuudh" imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, kandi bikaba bizoshika hisunzwe indinganizo y'ivyagezwe n'Imana Allah; ikintu ico ari co cose rero kibaye, kiba hisunzwe ivyagezwe n'Imana n'ishirwa mu ngiro ryavyo; burya igishikiye umuntu kikamwagira, ntikiba comuhusha namba ngo kimurengane, ni nk'uko n'ikimuhushije ntikimushikire, ntikiba comushikiye namba ngo kimwagire.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Ni ngombwa kwemera ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo.
  2. Ijambo "Al-qadar", risigura ivyagezwe, ni birya bintu vyose bizwi n'Imana Allah, mu kuba vyaranditswe ku bushake bwayo no mu kuba Yarabiremye bikabaho.
  3. Ukwemera ko ivyagezwe vyanditswe imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi, bigirira akamaro umuntu mu gushimishwa n'ibimushikiye maze akavyakirana umutima mwiza ata kwidoga.
  4. Ukwemera ko Ubuhangamo "Al'Arshi" bwa Nyenimpuhwe bwari hejuru y'amazi imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

69 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
YAO Yao الياو
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو