عن أبي هريرة رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«كان رجلٌ يُدَايِنُ الناسَ، فكان يقول لفتاه: إذا أتيتَ مُعسِرًا فتجاوز عنه، لعل اللهَ يَتجاوزُ عنا، فلقي اللهَ فتجاوز عنه».
المزيد
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze iti:
"Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu, nya muntu amaze gupfa agahura n'Imana Allah, Yaramurenganye maze Iramubabarira ivyaha vyiwe".