عن أبي هريرة رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«أَقْرَبُ مَا يَكُونُ الْعَبْدُ مِنْ رَبِّهِ وَهُوَ سَاجِدٌ، فَأَكْثِرُوا الدُّعَاءَ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 482]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 482]

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye ko igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ari igihe yubamye. Ivyo biri ukwo, kubera ko uwuriko arasenga ashira hasi igihimba ciwe cubashwe gusumba ibindi bihimba vy'umubiri wiwe (umutwe), maze akubama mu kwerekana ko yicishije bugufi kandi agayitse mu kuba ari umunyentegenke cane ku Mana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro.
Ni kuri iyo mvo rero, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yategetse ko umuntu yorushirizaho gusaba kenshi mu gihe yubamye, gutyo agahuriza hamwe mu majambo no mu bikorwa ukwerekana intege nke afise.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Iyumviramana ryongerereza umuntu ubutoni bwo kuba hafi cane y'Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
  2. Birabereye cane kurushirizaho gusaba kenshi mu cubamo; kuko uwo mwanya ari mu myanya yo kwakirirwa ibisabisho.
Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi
Ururimi: الإنجليزية الأوردية الإسبانية Ivyiyongeyeko (68)