1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. Jurisprudence and Juristic Principles

Inyigisho y'intumwa Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa

عَن ابنِ عباسٍ رضي الله عنهما أنَّ رسولَ اللهِ صلي الله عليه وسلم قال:
«لَو يُعطَى النّاسُ بدَعواهُم لادَّعَى رِجالٌ أموالَ قَومٍ ودِماءَهُم، ولَكِنَّ البَيِّنَةَ على المُدَّعِى، واليَمينَ على مَن أنكَرَ».

Mu vyakiriwe na Mwene Abbaasi (Imana Allah Ibishimire pombi), ni uko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa".

صحيح رواه البيهقي السنن الكبرى للبيهقي - 21243

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko iyaba abantu bahabwa ivyo basaba mu butungane mu kwitwara gusa ata vyemezo n'ivyagiriji barinze gusabwa, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba gukomorerwa amatungo yabo no kubihorera mu gusesa amaraso yabo bakicwa, ariko rero icisungwa nyabuna, ni uko ari ngombwa ko uwitwaye ashikiriza icagiriji n'icemezo ku vyo asaba mu butungane; iyo naho ata cagiriji ashikirije cemeza ivyo asaba ubutungane, uwitwariwe aca abazwa ko ivyo yagirijwe avyemera; iyo abihakanye, aca asabwa kurahira ahakana ko ata na kimwe mu vyo yagirijwe kimwagira, gutyo akiyeza imbere y'ubutungane.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Ibnu Daqiiqi Al-I'iidi yavuze ati: "Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge mu mishinge y'amategeko, ni na bwo bwikoro bwisungwa mu gufata ingingo igihe habaye uguhazana n'ukutumvikana hagati y'abatase".
  2. Amabwirizwa y'ubwislamu yaje kugira akingire amatungo y'abantu ntavogerwe, n'amaraso yabo ntaseseke mu gihe habaye ukutitwararika utwa murundi.
  3. Umucamanza ntashikiriza ingingo yisunze ivyo azi, ariko ayishikiriza yisunze ivyagiriji n'ivyemezo bigaragara.
  4. Uwo ari we wese yitwaye mu gushikiriza imburano zitagira ivyagiriji bizemeza, nya mburano ziraheza zigasubizwa inyuma; zaba ari imburano zerekeye agateka k'umuntu, canke imirimo ya misiyose mu buzima, canke zikaba zerekeye ibijanye n'ukwemera n'ubumenyi.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

61 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو