عَنْ عَائِشَةَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهَا عَنِ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«الرَّضَاعَةُ تُحَرِّمُ مَا تُحَرِّمُ الوِلَادَةُ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [الأربعون النووية: 44]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Ukwonsa kuziririza ku wonkejwe ibisanzwe biziririjwe kuri we n'ukuvukana kw'uwo basangiye amaraso".

[صحيح] - [متفق عليه] - [الأربعون النووية - 44]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ukwonsa kuziririza ku wonkejwe ibisanzwe biziririjwe n'ukuvukana, hamwe rero n'ugusangira amaraso; nko kuba ari inarume w'umuntu, canke sewabo, canke mwenewabo..., kuranarekurira umuntu kuronka uburenganzira nka burya ahabwa n'ingingo zishingiye ku kuvukana kw'amaraso.

Benefits from the Hadith

  1. Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge wisungwa mu gushinga ingingo ngenderwako zijanye n'ukwonsa.
  2. Ibnu Hajari yavuze ati: "Insiguro y'iryungane: "Ukwonsa kuziririza ibisanzwe biziririjwe n'ukuvukana kw'amaraso", ni uko ukwonsa kurekurira umuntu ivyo arekuriwe ku mvo z'ukuvukana, ivyo bikaba vyarahurijweko n'abamenyi mu bijanye n'ingingo yo kuziririza kwabirana n'izindi ngingo zijanye n'inkurikizi zo kwabira, iziririzwa ribandanya hagati y'uwonkejwe n'abana b'uwamwonkeje, uguhabwa ikibanza c'abavukana basangiye amaraso ; mu kuba barekuriwe kurabana ahatarekuriwe abandi ata co bapfana, kwikebukana bari bonyene, hamwe rero no gufatana urugendo, ariko rero ukwonswa nta ngingo z'inkurikizi zishingiye ku kuba uwamwonkeje yitwa nyina, ingingo zifatwa mu bijanye no gutorana, gutanga uburyo bwo kumubeshaho, gutanga ubwigenge bw'uwo agaba akaganza, kuba icabona, kumwishinga hamwe rero no kutamwihorera mu kwicwa.
  3. Kwemeza ingingo yuko ukwonsa kuziririza iziririzwa ryamaho.
  4. Hari izindi nyigisho zerekana ko ukwonsa kuziririza kuvugwa ng'aho, ari mu gihe umwana yoba yaronkejwe incuro zitanu zizwi neza, kandi akaba yonse izo ncuro agifise imyaka ibiri ya mbere y'amavuko.
  5. Bakizira ku muntu hisunzwe amaraso, ni: Nyina, harimwo na inakuru kubandanya uduga ku ruhande rwa nyina canke rwa Se. Abakobwawe, harimwo n'abana babo b'abakobwa hamwe n'abana b'abakobwa bavuka ku bana biwe b'abahungu kubandanya umanuko. Bashikiwe, baba ari bashikiwe basangiye Se na nyina, canke bashikiwe kuri umwe gusa mu bavyeyi. Banasenge, harimwo na bashiki ba Se basangiye Se na nyina canke basangiye gusa umwe muri bo, harimwo kandi na bashiki ba Sekuru kubandanya uduga. Banyinabo, harimwo na banewabo b'abakobwa basangiye Se na nyina canke umwe gusa muru bo, hakabamwo na benewabo na Inakuru b'abakobwa kubandanya uduga, baba ari ba Inakuru ku ruhande rwa Se gusa canke ku ruhande rwa nyina gusa. Abakobwabo, baba ari abakobwa ba mwenewabo w'umuhungu canke w'umukobwa, harimwo n'abana babo b'abakobwa, kubandanya umunuka.
  6. Bakizira ku muntu hisunzwe ugusangira ibere: Ugusangira ibere kuziririza birya nyene biziririzwa n'ugusangira amaraso, ku buryo umukobwa uwo ari we wese ari kizira ku muntu hisunzwe amaraso, aba ari kizira kuri we no mu gihe hisunzwe ugusangira ibere; kiretse ko nyina wa mwenewabo w'umuhungu na mushiki w'umwana wiwe w'umuhungu basangiye ibere, abo bataba ari bakizira kuri we.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (54)
More ...