+ -

عن ابن عمر رضي الله عنهما قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«كل مُسْكِرٍ خَمْرٌ، وكل مُسْكِرٍ حرام، ومن شرِب الخمر في الدنيا فمات وهو يُدْمِنُهَا لَمْ يَتُبْ، لَمْ يَشْرَبْهَا في الآخرة».

[صحيح] - [رواه مسلم وأخرج البخاري الجملة الأخيرة منه] - [صحيح مسلم: 2003]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Zina-kintu cose kiborera, ni inzoga; kandi zina-kintu cose kiborera, kirazira kikaziririzwa kucihereza. Umuntu uwo ari we wese rero anyoye inzoga mu buzima bwo kw'isi, maze akarinda apfa akiyinywa, atigeze yigaya ngo areke kuyinywa akiri muzima, ntazonywa namba ku nzoga mu buzima bw'inyuma yo gupfa".

[صحيح] - [رواه مسلم وأخرج البخاري الجملة الأخيرة منه] - [صحيح مسلم - 2003]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko buri kintu cose kiyovya ubwenge kikaborera uwacihereje ari inzoga, caba ari ikinyobwa canke ikiribwa kibure icimoterezwa, canke ibindi bitari ivyo, n'uko ikintu ico ari co cose kiborera kikayovya ubwenge, Imana Allah Yamaze kukiziririza Ikanabuza ko ciherezwa; ukwihereza dukeya kuri co kirazira, co kimwe n'ukwihereza twinshi. Yarerekanye n'uko uwo wese yihereje ikintu ico ari co cose muri ivyo bintu biborera, agashishikara acihereza ntaheze ngo yigaye, maze akarinda apfa akicihereza, ko yagenewe n'Imana Allah ibihano mu kuzobuzwa kucihereza mu Bwami bw'ijuru.

Benefits from the Hadith

  1. Imvo y'iziririzwa ry'inzoga, ni ukuba iyovya ubwenge ikaborera. Ikintu cose rero kiborera, mu bwoko ubwo ari bwo bwose gihinguwemwo, kirazira kikaziririzwa kucihereza "haraam".
  2. Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yaziririje inzoga kuko ukuyihereza bitera ingaruka mbi n'ubwononyi bukomeye.
  3. Ukunywa inzoga mu Bwami bw'ijuru, kiri mu kuryoherwa no guhimbarwa nta ngere, kikaba kiri no mu nema z'akaroruhore zamaho.
  4. Uwutigumije mu kutanywa inzoga mu buzima bwo kw'isi, Imana Allah Yaraziririje kuri we ko azoyikoza mu kanwa mu Bwami bw'ijuru, burya impembo y'umuntu izokwisunga ubwoko bw'igikorwa yakoze.
  5. Ihimirizwa ryo kwihutira kwigaya ivyaha imbere yuko umuntu apfa.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Oromo Kannada الولوف Azeri Uzbek Ukrainian الجورجية المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...