Hadith List

1. Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
2. Mu vy'ukuri, Imana Allah yaramaze kwirengagiza uguhana abantu narungitsweko ku vyo bakoze mu kwihenda no mu kwibagira, hamwe rero n'ivyo bahatiwe gukora bitavuye ku mutima
عربي English Urdu
3. Agahimba kose mu bihimba vy'umubiri w'umuntu, karafise imperezwa kotanga maze umuntu akayihemberwa
عربي English Urdu
4. Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka - 4 ملاحظة
عربي English Urdu
5. Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona - 2 ملاحظة
عربي English Urdu
6. Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi - 2 ملاحظة
عربي English Urdu